📈 Ahantu wahora ushika wipakije ku 8.000 canke 10.000 Fbu, ubu uhashika urishe amafaranga ari hagati ya 30.000 na 40.000Fbu...


🚌 Ubu kuduga ruguru wipakije biragoye. Abafise ama bus canke ama probox yunguruza abantu abakuye mu gisagara ca #Bujumbura abajana mu ntara zo mu gihugu hagati baracirirana n'uwipakiza bikaba ibiganiro birebire kandi bigoye

🎙️ Bamwe mu bipakiza twasanze kuri #Cotebu kuri uwu 16 Mukakaro 2023 hari abavuga ko bamaze iminsi ibiri bahaza ngo bipakize bagatinya ibeyi. Bati: "Kuva ku wa gatanu w'indwi iheze uvuye i Bujumbura uja i #Ngozi canke mu #Kayanza wipakije na Probox umuntu ariha amafaranga ari hagati ya 30.000 na 40.000Fbu. Muri bus ni hagati ya 20.000 na 25.000 Fbu. Ivyo bakabikora bavuga ko ata bitoro baronka"

📌 Hari n'abemeza ko kubera abaporisi baza barababuza kuduza ibiciro abashoferi bamwebamwe baca banyegeza imiduga. Bati: "Abashoferi baraza bakihereranya abipakiza bakababwira ko bavuye kunywesha igitoro muri Kongo kandi ibido bayironka ku mafaranga arenga 120.000 Fbu, ko abemera kwipakiza kuri 30.000 Fbu babadugana ariko bishitse abaporisi bakabafata baca bavuga ko bipakije ku 10.000 Fbu"

✍🏾 Ariko rero bivanye n'ibituma bitandukanye, abantu baba baduze gukora ruguru hari abemera kurekura iyo noti. Nk'abaduze mu rubanza ntacizere co kurara bamanutse bagira kuko imiduga yo mw'ijoro  usanga izimvye bagucira amafaranga menshi

🔹 Ku ma agence nka Volcano y'i Bujumbura ubu ntivyoroshe ko urara utabuje i ticket ku miduga ija mu ntara z'Uburaruko kuko bavuga ko bataba bazi ko bakora kubera ubukene bw'ibitoro. No ku bituro bimwebimwe vy'iyo agence yo mu karere k'uburaruko nta matike abipakiza bapfa kuronka

 Kuri agence ya Volcano mu Kayanza kuri uno wa 17 Mukakaro, nta matike bariko baha abipakiza bamanuka. Bavuga ko ata miduga y'iyo agence yaraye mu buraruko kiretse uwaraye ugiye i #Muyinga bataramenya ko ugaruka kubera ubukene bw'ibitoro

🚙 Ariko igitangaje, ku mutaga probox igukuye i Bujumbura kuri 30.000 Fbu ikujanye mu Kayanza, ufashe iyigusubiza i Bujumbura uriha 15.000 Fbu. Ariko bugorovye baca bagwiza kabiri n'akarenga bakubwira ngo bagucishirijemwo ngo ntibariko barakora

👀 Ikibazo c'ukwiyunguruza mwebwe aho muherereye mukibona gute ?