Amafoto n'amazina bikoreshwa muri ino nkuru vyarasubirijwe, kubera ko ababitanze batashimye kumenyekana. 

Kamariza chantal ni umukobwa w'umunyarwandakazi agiye kutuyagira ibijanye n'ubuzima yabayemwo muri sawudi arabia (Arabie Saoudite). Vyatanguye mu bihumbi bibiri na cumi n'umunani aho nari nsanzwe nkora akazi ko mu nzu mu gisagara ca kigali, niho nahuye n'umu mama yisoneye aboneka ko afise amafranga eka yari n'umwana mwiza. Yarampamagaye amwenyura neza, arambaza uko nitwa eka mbere ambaza nimba noba naraciye ku ntebe y'ishure. Maze kumubwira ko nize nkaba nzi gusoma no kwandika, yaciye ambwira ko giciyemwo akazi ndakaronse, nanje naradyohewe kuba nari numvise ko ngiye kuronka akazi mu bihugu vyo hanze akotumye mba umutunzi nkagira n'ubuzima bwiza. Twagiye kugera aho tuvana aba ansigiye ibihumbi mirongo itanu vy'amanyarwanda (50 000Frw) yo kurondera ivyangombwa ndetse n'itike yonshikanye mu Burundi, kuko uwo mu mama naho yari umunyarwandakazi yari asanzwe aba mu burundi. 

Ntivyatevye naratashe muhira iwacu kuko nari nsanzwe mva mu muryango ukenye, barayamaze bati inkuru y'umwana isubira inyuma ico gihe nahise nsezera kuri ka kazi nari nsanzwe nkora mu gisagara ca kigali. Maze gutaha muhira sinababwiye iyo ngiye, nababwiye ko nari nsubiye ku kazi nk'uko bisanzwe ariko nahise nja gutegera imoto inshikana ku kanyaru maze mbona kwambuka umupaka ninjira mu Burundi. Naraje mpaka nshika i Bujumbura aho bita kuri Cotebu aho wa mu mama yaje kuntora. Ico gihe yarantwaye maze anshikana iwe nkaba nahahuriye n'abarundikazi babiri bari barindiriye kujabukanwa. Nahamaze amezi abiri kuko ico gihe yariko andonderera passport yo mu Burundi,  sinzi ukwo yabigenjeje kugira ayironke ariko ico nibuka co ni ukwo amazina yanje yayahinduye maze ayagira ay'abarundikazi.

Igihe carageze maze turafata ibarabara turagenda, baducanye mu binywabi kuko baducishije mu Ruyigi aho batwambukije umupaka wa Tanzaniya n'uburundi maze twinjirana inzira zitazwi baducisha mu kiyaga, uko twarenga akarere tuja mu kandi niko baduhereza abantu batandukanye. Twaragiye gushika aho tugera muri kenya maze indege tuyuririra aho muri Kenya. Maze kugera mu ndege narumvise umunezero mwinshi gushika naho numva nti naho noshaka ngapfira aha nyene ivyo nashaka kugerako nabishitseko, uwo munezero wamaze umwanya urume rumara. 

Iyi nkuru tuzoyibandanya👉👉⇾🚣⇾