Kw'igenekerezo rya 7 ukwezi kw'icenda uyu mwaka w'2022, Inama nshingamateka yakoranye kugira yemeze umukandida mushasha mu kibanza c'umushikiranganji wa mbere. Akaba yatowe ku bice ijana kw'ijana, ni ukuvugako ata numwe yasivye canke ngo habe ijwi ry'impfagusa.
Uyo nawe akaba ari Lieutenant General de Police Gervais NDIRAKOBUCA, yahora arongoye ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu. Ikaba ari ingingo ifashwe tutari tuvyiteze.
Benshi bakaba biteze ko amahinduka yihuta agiye kuba ubu bwa vuba muri Gouverinoma y'uburundi.


0 Comments