Bishikirizwa n’umuririmvyi O.l.g Olegue inyuma yo kuva mu Mpimba, aho agaruka ku migambi yiwe mikuru mikuru yapfuye igihe yari mu gasho : « Narahomvye vyinshi cane. Nohera ku cerekeye ama tours nari nimirije gukora mu gihugu cose. Murazi ko napfunzwe hariho izo ndiko ndakora, kuko bwaca nkora iyo mu Rumonge, nirya concert nari mfise mu Maramvya. Mu nyuma nari kuca nja i Muyinga. Kuko nari maze gukora i Gitega, i Bubanza, aha i Bujumbura, no mu Cibitoke ».

Ikindi Olègue avuga ko camukozeko ni ukunyoteza abafana biwe , igihe kitari gito : « Narahomvye kuko hari indirimbo nari nsanzwe mfise yitwa Afande Mwotsi. Rero iyo ndirimbo yaranaponyotse irasohoka ndi mu gasho. Biri muvyo nahomvye kuko nariko ndategura amasanamu yayo. Hariho n’ibintu vyinshi vyari vyamaze gushoneshwa. Yaciye iba Bonus truck kuko naciye ndayirengagiza, ica ija muvyo nahomvye. »
Kubwa Olègue avuga ko Imana ari ikintu gihambaye, ishobora kugucisha mu bibazo , iriko igutegurira ikindi kintu kinini: « Jewe ndizera ko ata kintu kibera ubusa. Ahubwo Jewe ndi umunya mugisha kuko solution yoyo Imana yarahejeje kuyipanga. Nokwizeza abakunzi banje ko ataco nahomvye muri rusangi. Ndacari fort, naripanze neza. Ivyabaye ahanini sindavyita guhomba, ndavyita kwagura umutwe. »
Olègue yarangije asaba tumubarize abakunzi biwe ati : « Indirimbo ya mbere yakoze akivuye mu gasho mubona azoyisohore mu kwezi kwa Cumi na rimwe canke kwa cumi na kabiri ? ».