Haraheze igihe kitari gito amashirahamwe ajejwe ivyo gutumatumanako amakuru ngaha mu Burundi ndetse no kw'isi yose, atanguje ico bise ngo ni 4G. Mu bisanze kugira umuntu ashobore guterefona bisaba ubuhinga bwitwa GSM (Global System for Mobile Communication) ubwo buhinga bukaba bwavutse mu mwaka wa 1982 hama butangura gukoreshwa mu ntango z'umwaka 1991. Ariko uko ibihe vyagiye birakurikirana niko ubuhinga bwagiye buratera imbere, narirya interenete yari itanguye gukoreshwa. 

None vy'ukuri mu Burundi twoba dufise interenete ya 4G nk'uko amashirahamwe avyamamaza? Icambere ukwiye kumenya, iyo bavuze 4G ( mu majambo yose ni 4th Generation) bisigura iyaruka rigira kane mu bijanye no gutumatumanako amakuru. Rero vy'ukuri ubwo buhinga butuma abantu bakoresha interenete inyaruka cane rwose k'urugero umuntu adashobora kwiyumvira. 

None 4G LTE yoba ari vy'ukuri ya connexion inyaruka nk'urusoro twumva za econet za lumitel zama zamamaza? Reka tubanze turabire hamwe ico LTE bisonabura ( Long-Term Evolution ) Iterambere ry'igihe kirekire tugerageje kubishira mu rurimi rw'ikirundi. Bisigurako LTE ari ikiraro hagati ya connexion 3G hamwe na 4G, ni ubwoko bwo gutumatumanako amakuru butuma guhana ibintu biremereye binyaruka gusumba uko vyifashe kuri 3G ariko ntabwo ari k'urugero twovyitega kuri 4G y'ukuri. 

Kuberako ibisabwa kugira ishirahamwe rishireho ubuhinga bwa 4G ari vyinshi kandi ugasanga amashirahamwe ntiyiteguriye kubikora ubwo nyene, niyo mpamvu baca bashiraho ico bobo bita ngo ni 4G ariko atariyo vy'ukuri kuko ku makarata simu usanga handitseko 4G LTE bikaba bisigura ko ari connexion ya 3.75G rero kuko babona ko vyobagora gusigura baca bandikako ayo majambo ari aho haruguru.


Ubwo rero bivuye kuri uwo mwihwezo tugize woshobora kumenya nimba ikarata simu yawe ikoresha ubuhinga bugezweho bwa 4G canke nimba atari vyo, kuko iyo ushize ikarata simu yawe muri terefone igezweho irashobora kubikwereka mu kuduza connexion ihuye na carte simu yawe ndetse n'akarere uba urimwo!!