Nk'uko bishikirizwa na #Nsengiyumva_Jackson umuhinga mu bijanye n'uburimyi n'ubworozi ngo inkwavu cokimwe n'ibindi bitungwa zirarwara indwara zimwe murizo hari:

▪️Indwara ituma inkwavu zigira ibivyimba ku mubiri 

▪️Indwara zituma inkwavu zimunguka amoya ku gice runaka

▪️Indwara benshi bakunze kwita ikirato ikunda kwibonekeza mu nzara, ku munwa ikazana ibintu vyibumbabumvye bimeze nk'umuceri bigahoma ku maguru y'urukwavu

▪️Inzoka akenshi ziva kw'isuku rike.


Umworozi rero asabwa kugira isuku rikwiye mu gukubura n'imiburiburi kabiri ku musi

Kwubaka ku buryo bituma amaganga ataguma aho inkwavu ziri kuko atuma haza imigera itandukanye.

▪️Isuku mu ndya duha inkwavu twokwirinda guha inkwavu ubwatsi bukanye, burimwo urume canke ivu ryinshi.

🔸Bimwe mu bimenyetso biranga inkwavu zigwaye:

-ziracibwamwo

-ziruzura inda

-zigata amase arimwo ivyatsi bitagogoye

-zikiyagaza cane mu maso.

▪️Ibihushi bikunze kuzifata ku mutwe canke ku mugongo.

⚠️Si vyiza ko ibikoko vyiyerereza nk'imbwa, inyabu biza aho inkwavu ziri kuko bizana indwara nyinshi.


Aborozi bokwirinda kugwa mw'ikosa ry'ukwivurira ahubwo bakihutira guhamagara umuganga abishoboye amenya urugero rw'umuti yoziha.


🐰urukwavu kandi rurakenera kunywa amazi n'imiburiburi inusu y'ilitiro ku rukwavu rumwe buri musi.


Imiti rero iri ubwoko bubiri:

Hariho iy'ikizungu y'ifu nk'iyo bashira mu mazi be n'iyo batera  mu rushinge.


Imiti y'ikirundi iyo yohabwa inkwavu iyo zitaragwara zikaba nk'incanco muriyo harimwo:

📌Imbuto z'ipapayi zisyeye ugashira agafu mu mazi zinywa

📌Ifu y'imbuto za moringa

📌Amababi y'umusoma yumye ugashira agafu mu ndya

📌Ifu y'amakara 

Ariko umworozi yoziha n'imiburiburi nka rimwe mu ndwi canke rimwe mu kwezi.


Harico mwungutse murizi nyigisho?