Abaganiriye i Arusha bashimye gushiraho urwego rutabara abarundi akarenganyo k'ubutegetsi kamye kibonekeza mu ntwaro zose. Nikwo kwiyumvira urwego rwitwa "Ombudsman" twita "Umuhuza" mu Kirundi. Urwo rwego rwamuka mu bihugu vya Bulaya y'uburaruko, nka Suède na Danemark. Ombudsman muri ivyo bihugu ni ijisho ry'Inama Nshingamateka. Ni umutegetsi yigenga akora amatohoza ku karenganyo inzego z'igihugu zikorera abanyagihugu canke intwaro mbi irangwa muri izo nzego. Ombudsman muri ivyo bihugu, naho atari Sentare, arafise ububasha bukomeye kandi arakurikirana ikibazo gushika gitoye umuti. No mu Burundi, amategeko araha igikorwa gikomeye Ombudsman : kwakira ibirego vy'abanyagihugu, gukora amatohoza Ku kugene inzego zirenga amategeko, zihonyora agateka ka muntu, kuba umuhuza w'inzego n'abanyagihugu, kurangura amabanga y'ubuhuza hagati ya Leta n'amashirahamwe yigenga canke ayandi mashirahamwe y'abanyagihugu, gukora ubuhuza abitumwe n'umukuru w'igihugu aho bikenewe hose. Kuva mu masezerano y'Arusha kugeza no mw' ibwirizwa shingiro, Ombudsman avugwa nk'umuntu w'inyankamugayo, ahumuriza bose.
Umuhuza mu Burundi ni umutegetsi agira gatandatu mu nzego z'Uburundi, inyuma y'Umukuru w'igihugu, Umukuru w'Inama Nshingamateka, Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, Icegera c'umukuru w'igihugu n'Umushikiranganji wa mbere. Ombudsman arafise abamugendanira, imiduga y'igihugu agenderamwo, amafaranga yo kumubeshaho no kwakira abashitsi (intendance), ararihirwa inzu abamwo, ararihirwa amatara n'amazi, amatelefone, ibitoro, abakozi bo mu nzu, ... None nko mu myaka itandatu amaze muri ayo mabanga, Édouard Nduwimana yamariye iki vy'ukuri abarundi ? Ayo mafaranga yose Uburundi bwayasohoye ngo bwunguke iki ?
Uburundi bumaze kugira aba "Ombudsman" babiri : Sheikh Mohamed Rukara na Édouard Nduwimana. Ombudsman wa mbere, Mohamed Rukara, yarigeze kwakira amadosiye ajanye n'ubunyonyezi mu nzego zihambaye z'igihugu. Mu misi yakurikiye yaratewe ubwoba kugeza aho asohora itangazo amenyesha ko agira yicwe, mbere anasaba ko apfuye hoca hakorwa igipimo ku bimuhitanye (autopsie). Ombudsman Rukara yaranagerageje guhanura Prezida Nkurunziza ku bijanye n'ikiringo ca gatatu aramunanira.
Umuhuza wa kabiri yaje ataco abarundi benshi bamwitezeko. Yari yaranzwe no gucanishamwo imigambwe, yari yakeje abapolisi bahejeje kwica abantu i Businde (muri komine Gahombo) muri 2013, yari yateguye Ibwirizwa Shingiro ryafasha Nkurunziza kuronka ikiringo ca gatatu, Inama Nshingamateka iravyiyamiriza. Yari umutegetsi azwi mu mvugo ikarishe kandi mbi cane, itagira impuhwe kandi ikandamiza abatavuga rumwe n'ubutegetsi. Yabaye umuhuza mu gihe kigoye cane : abarundi bacanyemwo kubera ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, bamwe barahunga, abandi barapfungwa iyo bagize Imana ntibicwe. Uko ataco bari bamwitezeko niko yabikoze : ntaco yamariye igihugu muri izo ndyane. Mbere na Prezida Ndayishimiye aho aziye ku butegetsi yari yavuze ko ashaka gufuta urwo rwego kubera ataco rumaze. Ntaco yabeshe, mu gihe ca Édouard Nduwimana, urwo rwego ntaco rwari rumaze atari kwonona amahera y'igihugu. Umuntu abiravye neza, Evariste Ndayishimiye naho ari umukuru w'igihugu, niwe yigenza nka Ombudsman ku bibazo bimwebimwe vy'abanyagihugu.
Mu gihe Édouard Nduwimana buca arangiza ikiringo, abarundi barakwiriye gusubira kuvugana ico biteze kuri Ombudsman, uko urwo rwego rukwiriye kumera, mbere bagatomora neza abantu badakwiriye kuba muri ayo mabanga. N'ayo ubundi tuzoguma twonona amahera gusa mu gushiraho aba Ombudsman baza kugara no kwishinga umunyenga ataco bamaze.

0 Comments