Mwiriwe neza.
Mu gusozera ino ndwi nshatse ngaruke kurimwe mu ma publications nagize ngaha: iyo yari yerekeye abantu basimbira hanze bagiye kwisumamwo.
Kubera iki nagize irya post.?: nari nshaka abari bacecetse bavuge: burya yaratumye menya vyinshi abantu tutibaza canke tudakunda kwiyumvirako.
Kubera iki ndayigarutseko?: kubera nipfuza gutanga conclusion kuko nkuko mubisanga mu ma commentaires yayo harabaye echanges ikomeye cane.
Ica mbere nashaka kumenya yari: kubera iki urwaruka rurundi ruhurumbira kuja hanze gukora imirimo batokoreye ngaha?
1. Ikibano kirundi kirakengereza: hariho ubuzi ubukoze hano iwacu nuwahora akuramutsa atosubira kukuramutsa mbere n'akagaye kakava kuvyo wisumamwo.
2. Gukurikira ifranga ry'agaciro: nubwo ubuzi bakora hanze buba bugayitse canke bur hasi mbere bunaruhisha inoti baronka iba ifise agaciro ku buryo ayirungitse ino igira ico ifashije gusumba ayo yari kuronkera ngaha nyene.
3. Ubuzima buzimvye bwo ngaha iwacu: mu Burundi umukozi agira guhembwa rumwe agaca aba muri bwa buzima ivyankenerwa vya mbere bizimvye kandi binagoye kuronka. N'agatahe gato aba afise yotuma abona agakoresha nk'itike ariko akagera iyo aza gukora akaronka inoti ifise agaciro.
4. Kurondera ubundi bumenyi bufatiye ku mibereho y'ubuzima n'ikibano: urwaruka batahura ko kuja hanze ari kuja ku yindi kaminuza y'ubuzima kuko bahamenyera vyinshi cane.
5. Kubura epfo na ruguru: urwaruka baba bari ngaha mu Burundi haragera aho bagerageza vyinshi ariko nka vyose bikanka ku buryo basanga amahirwe basigaranye ari kujabuka hanze.
6. Ishari n'inzigo biri mu kibano co ngaha iwacu (iki nibaza ko kiri mu bibano vyinshi kuko twama twumvise no mu mahanga abaturiye abandi) nico gituma ataco ndakivugako.
None n'igiki cokorwa kugira urwaruka rurundi ntirugume ruhurumbira gusohoka igihugu?
1. Letat ikore ibishoboka vyose kand ku neza y'igihugu ifranga ry'uburundi rigire agaciro ku buryo uwuyafise ashobora kwisumamwo;
2. Letat irakwiye gufata ingingo zose zishoboka ariko ivya mbere vyankenerwa mu buzima bikaboneke vyoroshe canke bizimbutse: aho turavuga: gufungura, kuryama, kwambara.
3. Abanyamitahe bakwumva ko gushora imitahe mu mpano no mu bushobozi vy'urwaruka baba bariko barabadugiriza amahirwe yabo gusumba kwama bipfuza kubakoresha kandi bakabahemba intica ntikize;
4. Kwiga no kunagura igiharuzo c'imishahara itangwa ku bakozi bakorera abandi: aha letat irakwiye gusuzuma ko vyukuri amahera abantu bahembwa atuma babaho (aho bamwe bavuga bati woba uhembwa 50.000F ukabaho gute?): iki kibazo naje gusanga gikomeye cane ku buryo dusaba letat kwumviriza aka kamo k'urwaruka.
5. Ikibano naco kigatahura ko urwaruka rushaka kubaho: uwo babonye ariko arisumamwo bakamushigikira kandi bakamufasha mu gihe biba bikenewe: urwaruka ruridoga ko rutagira isaganirizo kuko iyo rugiye mu ma banques rusangayo ama conditions akomeye atuma ataco bahanoba ahandi nabo bakabasaba gukorera hamwe.
None natwe nk'urwaruka dukore iki.?
1. Nta gucika intege: ni kugerageza aho hose hatuma ubuzima bwacu bufata iforoma tuba dushaka: iyo wumvise ikijumbu simbirayo ata kubabarira,
2. Gukora cane: tuve hasi dukore. Bigusaba kwimba ama WC kugira ubeho genda wimbe ariko abantu baguhe FBU.
3. Kurondera ubumenyi: ntiduhagarike kwiga no kurondera ubumeny. Aha mvuze kwiga simvuze amakaminuza n'ibindi: ndavuga ubumenyi bwose bukenewe kugira tubeho kandi twiteze imbere.
4. Kurondera connexion zikomeye kandi z'akamaro: rwaruka musuzume ko abo mugendana ari bazima kandi bafise ico babungura (ibi mubikore hakiri kare ntimuzoze gukanguka mugeze mu myaka 30 kandi mwari kubikosora mukibasha): si abo mugendana gusa ahubwo nabo muyaga, abo musangira ivyiyumvir bose ni kuraba ko bazotuma muba ico mushaka kuba co.
5. Ni kwama tugerageza: jewe ndafise umugambi natanguje 2020 maze guhomba 4: amahera nshiramwo ariko ataco ndonka ariko na nubu ndacashiramwo amahera kubera iyo nja ndahabona. Nshatse kuvuga iki.? Iyo vyanse s'impamvu yo guheba ahubwo biba bije nk'icirwa kidasanzwe kugira tubone aho vyankiye gutyo tubandanye imbere.
Urwaruka ni rwakora ivyo hama na letat igakora ivyo twasavye ntakabuza hazoba vyinshi bihinduka ku mibereho y'urwaruka mbere urwaruka ruheze runakunde igihugu cabo.
Rwaruka ubonye ino publication tugusaba kugira partage no kubigeza kure kuko ari ubutumwa ngira kamaro.
Source: https://www.facebook.com/100009311413719/posts/pfbid0kczsbBaJyn99wJxf4YFoyHnVSNwE41BwjY1xexeJoNkuYuNHZmt2EkxV4i693SYcl/?app=fbl

0 Comments