Mikhaylov yagirije bikomeye Abanyaburaya na Amerika kubiba urwanko n'amacakuniri hagati ya Uklaine n'Uburusiya.
Aho ngo ninkogutegeka ko Ururimi rw'Ikirusiya rutosubira kuvugwa muri Uklaine, kwanka Imico n'akaranga vy'Uburusiya, Gufuta idini rya Orthodoxe rikomoka m'Uburusiya hamwe no kwinjira mumuryango wo kwivunira umwansi hamwe OTAN.
Buragiriza kandi Amerika ko ishaka yuko Isi yose igira kumategeko yayo, kuterekwa politique n'ivyiyumviro vy'Uburusiya n'ibindi bihugu bicuditse vyigenga kandi vyubahiriza iterambere n'ukwubahana hagati y'Ibihugu.
Iyo politique Uburusiya buvuga ko bwamye busemerera ko ari mbi atakindi igamije atarukuryanisha abantu.
Akarorero ngo nako muri Afurika bamaze kugira ikirimbiro ahusanga ibihugu vyinshi vyamamwo itembagazwa ry'Ubutegetsi.
Ivyo vyose ngo Uburusiya ntibuvyihanganira arinaco catumye buja kubohora Uklane kuko ngo nigihugu cabo ntiboreka ngo kigende babona.
Valéry Makhaylov yavuze ko hamwe boreka Uklaine ikarwa muminwe yivyo bihugu umutekano w'Uburusiya wobangamirwa.
Ngo nico gituma bategerezwa kwivuna bimwe vyakarorero muri Uklaine kuko ngo baravogewe, mpaka bagarukanye igihugu cabo kandi kibanyi.
Nayo kubabagiriza amabi yo muntambara ngo barubahiriza ikiremwa muntu kanatsinda nivyo baharanira kw'Isi yose.
Ibihano navyo bafatiwe, canke abantu babo birukanywe ngo barihenda kuko nabonyene bazoshikirwa.
Yabivuze mugihe bariko bahimbaza Isabukuru y'imyaka 61iheze umurusiya Youri GAGARINE ariwe yashoboye gushika ubwambere mukirere( Espace).


0 Comments