Haraciye ukwezi kurengako imisi ibiri kuva ingingo yo kubuza ivyuma bigendesha amapine abiri ndetse n'ibigendasha atatu bihagaritswe gushika mu bice bimwe bimwe vy'igisagara ca Bujumbura. Mu mabarabara atandukanye twashoboye gushikamwo hibonekeza imiduga ndetse n'abiyunguruza bakoresheje amaguru, bakaba batubwiye ko ivyiza biriko biravamwo ni uko amasanganya yagabanutse k'urugero ruboneka, ndetse bikaba bisigaye vyoroshe no kujabuka amabarabara.

Ku rundi ruhande twashoboye gushika ahandandarizwa amakara benshi bakunze kwita kuri sisi, twasanze ibiciro vyariyongereye kuri bitatu vya kane (3/4). Imbere gatoyi y'uko irya ngingo ifatwa umufuko w'amakara wagurwa amafaranga ava ku bihumbi mirongo ibiri na bitatu gushika ku bihumbi mirongo ibiri n'umunani (28 000Fbu). 

Uyu musi tukaba twasanze umufuko usigaye ugurishwa amafaranga ibihumbi mirongo ine (40 000Fbu). Abaguzi bakaba bidoga kuri iryo duga ry'ibiciro vy'ibintu vya nkenerwa bakaba bavuga ko ubuzima bugiye kubagora. Abagurisha amakara nabo basigura ko iryo duga ry'ibiciro ririko ritumwa ahanini no kuba batagishobora gukoresha ubuhinga bahora bakoresha mu gushikana ivyo bidandazwa ngaha i bujumbura, ubu bakaba bikora ku miduga nayo ikaba itoroshe kuronka, n'aho woyironka ugasanga irazimvye, ivyo rero bikaba vyunyurwa n'ikena ry'igitoro ryabaye ndanse.