Haraheze igihe kitari gito tuguma turonka ubutumwa bw'abantu batandukanye bava mu bice bitandukanye vy'isi, badusaba ubufasha kugira bashobore kugarukana ama numero yabo aba yarahagaritswe na whatsapp. Nk'uko mubizi whatsapp ni ubuhinga buriko burakoreshwa n'abantu batari bake mu guhanahana amakuru buri musi. Iyo bishitse inimero yawe bakayugara ugerageje kuyishira muri whatsapp baca baguha ubutumwa mubona kuri iyi photo ngaha musi👇👇👇
Imvo zibituma ni nyinshi nk'uko mubizi urubuga rwose canke ishirahamwe ryose riba rifise ico bita amategeko ajanye n'ikoreshwa. Rero imbere y'uko wemererwa gutangura kurukoresha babanza kukubaza ko wemeye ko uzoshira mu ngiro ivyo ayo mategeko agusaba. Na whatsapp nayo irafise amategeko ajanye n'ikoreshwa, utegerezwa kwiyubara kugira ntuyahonyange kuko vyokuviramwo kwugarirwa inimero burundu.
Ni ryari uba wahonyanze amategeko ajanye n'ikoreshwa rya whatsapp?
Twovuga bike muri ivyo navyo bikaba bigizwe n'ibi bikurikira : Gukoresha ubwoko butemewe bwa whatsapp ubwo nabwo bukaba buri ubwoko bwinshi kandi bukunzwe na benshi muri kino gihe cane cane urwaruka. Ikindi ni mu gihe compte yawe yoba iriko irakoreshwa mu guhohotera abana canke mu gukwiragiza amakuru y'iterabwoba.
Umuti w'ukuntu wokwishubiza inimero yawe
Itegereze neza iyo shusho ubona aho haruguru, usome neza nimba utahura icongereza. Ariko naho woba utagitahura ntaco bitwaye. Imbere yuko ushikira aho hantu tangura uje kuri Playstore uvome whatsapp messenger canke whatsapp business, uhejeje kuyishira muri terefone yawe. Yugurure maze ushiremwo numero yawe ushizemwo birya biharuro bakuronsa uca ushikira kuri photo imeze nk'iyo iri aho harugu. Ntugire ikibazo ugomba ushikire inyishu yawe, fyonda aho handitse REQUEST A REVIEW uhashitse baca bakwugururira akadirisha nka karya ko kwandikamwo message uca uhandika aya majambo akurukira: Bonjour l'equipe whatsapp, mon compte whatsapp sur ce numero...................................................................(Shiramwo numero aho hari utuburungu) j'aimerais vous demander de réactiver mon compte s'il vous plait Merci. Fyonda ahanditse envoyer canke send bivana n'ururimi terefone yawe ikoresha. Uca ushikira ifoto isa n'iyi👇👇
Musomyi muhire aya makuru hari ico yabafashije?


0 Comments