Ubwoko bwa terefone twerekanye imbere n'inyuma

 Terefone ngendanwa ni igikoresho buri wese asigaye akenera kugira ubuzima bushoboke ndetse bunorohe. Aho hambere terefone zitaragwira vyari bigoye ukuntu wohagara i Bujumbura ukavugana na nyokuru wawe ari mu ntara zo mu gihugu hagati, ahubwo vyasaba ko ufata umwanya ukandika agakete canke ugaheba akazi maze ugafata urugendo ruzogushikana aho hantu kanaka ushaka gushikana ubutumwa. Imisi canke amezi vyovyo vyarahaca kugira umuntu azomenye amakuru kanaka.

Uyu musi waba uryamye, wicaye canke uhagaze uriko uratazira Imana usanga terefone itava mu mufuko w'ipantaro canke muri sac à main, ivyo bigasa n'uko isi yose igendera mu mufuko. 

None womenya gute terefone igezweho wogura?

Kw'isoko y'amaterefone turahasanga ubwoko butandukanye ariko ubwoko nyamukuru tuvuga ngaha ni bubiri nabwo bukaba buvugwa hisunzwe ukuntu zikora: Ubwo nabwo akaba ari ANDROID hakaba n'ubundi bwitwa Iphone  bukaba bukoresha systeme bita IOS. Rero uyu musi ntituriko tubabwira itandukaniro riri hagati y'ubwo bwoko butandukanye, ahubwo tuje kubereka uburyo wohitamwo terefone ihuje n'ivyo uba ukeneye.

Ntituzikenera mu guterefona gusa ahubwo zirakora n'ibindi vyinshi, ushizemwo gufotora, gufata amavidewo, kwumviriza umuziki kuyikoresha mu guharura canke gupima ubutaka canke kugenekereza umuntu hifashishijwe ubuhinga bugezweho.

Ibintu ukwiye kwisunga mu kugura terefone yawe:

1. Ica mbere ikwiye kuba ifise ibateri irambisha umuriro n'imiburiburi ifise miriyampere ibihumbi bitanu (5000Mah) 

2. Ica kabiri ukwiye kuraba ko terefone yawe ubuhinga (version) ikoresha buri ku gihe ( Mis à jour) iyo ari android ikwiye kuba ifise Android 8 gushika kuri android ya 12; igihe yoba ari iphone ikwiye kuba ifise Version IOS yo guhera kuri 13 gushika ku ya nyuma iba igezweho ico gihe.

3. Raba ko ububiko bwayo bw'indani (Stockage interne) ko bukwiza n'imiburiburi ijiga mirongo itatu na zibiri (32giga). Raba ububiko bwitwa RAM ( Random Access Memory) ko bungana n'imiburiburi n'ijiga zitatu (3giga).

4. Raba ko kamera ifise ubushobozi bwo gufata amafoto bungana n'imiburiburi na megapigisele mirongo ibiri na zitatu (23Mpxl) kubandanya. 

Mwifuza ko ubukurikira twobategurira amakuru yerekeye iki? Shikiriza iciyumviro cawe muri comentaire. 

Raba ukuntu ushobora kuvoma amavidewo uyakuye kuri youtube uyashira muri terefone yawe: